Badman The Liar

Badman The Liar Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Badman The Liar, Property development, Bujumbura, Bujumbura.

Cira umugani ino couple 🥺💔
03/01/2026

Cira umugani ino couple 🥺💔

Umuntu wese uruhombo rwambere agira mubuzima nukubura umuvyeyi 😭😭nimba ugifis umuvyeyi uzomwime icudafise l love you mam...
03/01/2026

Umuntu wese uruhombo rwambere agira mubuzima nukubura umuvyeyi 😭😭nimba ugifis umuvyeyi uzomwime icudafise l love you maman 😭💔🌹

✰𝗦𝗢𝗠𝗔 𝗪𝗜𝗧𝗢𝗡𝗭𝗘 𝗜𝗡𝗢 𝗡𝗞𝗨𝗥𝗨✰Umusore umwe yarongoye umugore muga abiwabo ntibamukunda bakama batutse uwo mugore iminsi yose a...
06/12/2025

✰𝗦𝗢𝗠𝗔 𝗪𝗜𝗧𝗢𝗡𝗭𝗘 𝗜𝗡𝗢 𝗡𝗞𝗨𝗥𝗨✰

Umusore umwe yarongoye umugore muga abiwabo ntibamukunda bakama batutse uwo mugore iminsi yose akama ariko ararira kubera atariwe bashaka ko arongora

umunsi umwe umugabo wiwe atashe asanga mama yamushavuriye cane maze amubwira atamwirukanye ko aca amuvuma mu bana biwe wa umuhungu agira ubwoba agenda abwira umugore wiwe ko botandukana

umugore amubaza ati:kuberiki?

umugabo ati:nibaze ko wanyumvise kuko nshaka kwubahiriza mama wanjye nabo tuvukana twonse rimwe

bukeye yatsa umuduga atwara umugore iwabo ahita asubira muhira asanga umuryango unezerewe cane nyina avuga ati:mwananjye wakoze nk'umugabo rero twe dushaka urongore naka.

hashize amezi atatu atandukanye n'umugore wiwe mushikiwe yaje gucagugwa n'umusore hageze umunsi wo gutanga inkwano wa mugabo yatandukana n'umugore avuga ati:mushikanjye sinshaka kwarongogwa n'uno musore kuko iwabo numva baroga

abaraho bose bunamika imitwe abaje gutanga inkwano basubira iwabo

mushikiwe ati nubwo biruko jewe sindamuheba kandi ibyo wakoze musazanjye sibyo none ku myaka 31 ubona nokurahe undi musore andongora?

nyina atuka umuhungu nubundi amubwira ko agira amuvume amuvire mu bana nawe ati:umvuma nakosheje iki? mwebwe umunsi mumbwira mpebane n'umugore wanjye naremeye none mwebwe kubera iki mbabwira ko urya musore ntamushaka mukanshwanira mubikura kuki ?

bose bunamika imitwe ntibagira ico bavuga

nyina abwira umusore ati:genda usabe imbabazi iwabo n"umugore kuba waramwirukanye ataco azira hama ureke mushikawe arongogwe

bukeye mu gitondo agenda iwabo n'umugore asubira mu rugo muga imbere yuko amwinjiza aratwenga maze avuga ati:mwibajije rero je ko ndi ikijuju noheba umugore wanjye?jewe namutwaye iwabo kubera yari afite inda ntashatse ko yibarukira hano mukanyicira umwana kubw'inzigo yanyu mwari mufitiye umugore wanjye guhera n'umunsi sinshaka umuntu yivanga mubyanjye kuko nijye namwihitiyemwo

bose baraceceka

bukeye nabo bagenda gusaba imbabazi wa musore yari acaguye mush

SOMA WITONZE BYIBUZE URAHAKURA ISOMOUmukobwa yatashe i muhira asanga nyina  yicaye imbere y'umwango maze abaza nyina ati...
23/11/2025

SOMA WITONZE BYIBUZE URAHAKURA ISOMO

Umukobwa yatashe i muhira asanga nyina yicaye imbere y'umwango maze abaza nyina ati;Ma kabuki abahungu batagikururwa n'uburanga (ubwiza)?

Yongera ati;mbe kubera iki ingo nyinshi zama zasenyutse biva kuki ?

Nyina araseka maze abarira umwigeme wiwe ati;burazanye agatebe gato mwananje tube tuganiye gato .

Nyina atangira avuga atya ;mbe mwananjye ni ryari urigera ubona zahabu bariko bayidandariza aharangaye?

Yongera ati;mbe ni ryari urabona muri Bank hari induru? Bank ni Urugo rwawe cg ububiko bwawe bivuze ko kurya udashobora kumenya igitigiri c'amafaranga ya mugenzawe niko utemerewe kuvuga ibanga ry'urugo rwawe

Mwananjye sinkubajije ibyo bibazo nshaka ko unyishura ahubwo nshaka ngutahuze bivanye nibyo wambajije


☆Mwananjye abahungu bubu ntibagikururwa n'uburanga kubera abigeme bitwara uko bashatse ,umwigeme afise akaranga si urya afite urukoba rwiza ahubwo ubwiza bw'umwigeme bugaragarira mu kwubaha kwiwe no mu bwitonzi bwe,abenshi biyita beza ubu nibo bariko bakwirikiza abana batagira ba se

Ushobora kutantahura ariko umukobwa yubaha nurya yubaha Imana akanubahiriza umubiri wiwe

Akazuru gusa karahenda n'ubgiza bw'urukoba ntaco bumaze ariko umugore yubaha Uhoraho niwe ashimwa .Imigani 31:30

☆Ntugakunde kwerekana ibihimba byawe by'umubiri kuko buri musore wese cg umugabo ahora ashaka gufungura ico atarigera na rimwe .Kandi umugabo yiyubaha ntarya imfunguro iriko idumako insazi ,Rinda agateka kawe kuko niko kazaguha agaciro mu rugo rwawe

☆Mwananjye ntukiyite mwiza ata mugabo uragira kuko ubwiza bw'umugore n'umugabo nushaka kubitahura neza uzabaze uwutarigera urugo azakwiganira uko bibabaza

▪︎《Hama ingo nyinshi zisenyuka akenshi bitumwe natwe abagore ubwacu ,ati ;gute rero ?》▪︎

☆Umugore yubaha umugabo wiwe aririra mu cumba yasohoka hanze akamwenyura cg agaseka ,umugabo wawe nink'umwana wawe nubwo yaba ataronka nkuko uronka udufaranga uzakomeze umwubahe wongere umubikire ibanga ,nubwo yaba atakwambika iyambike maze agaci

SOMA WITONZE INO NKURUUmusoda umwe yari ku rugamba ,arwana intambara Abo barikumwe bose barapfa bahitanywe n’intambara a...
20/11/2025

SOMA WITONZE INO NKURU

Umusoda umwe yari ku rugamba ,arwana intambara

Abo barikumwe bose barapfa bahitanywe n’intambara asigara wenyene abonye ko atako akibigenza ananiwe abona ko ibyaba byiza yokwiruka adahava yicwa ashika ahantu hari ikinogo kinini arinyegeza ngo aticwa n’abansi

Ubwo atangura gusenga Imana avuga ati:”Mana ndasabye undokore mu maboko y’abansi na runo rupfu mbona imbere yanje,niwankiza nzohimbaza izina ryawe” ahita asinzira kubw’uburuhe yari afise

Ari mu kinogo yumva abansi hejuru yiwe bavuga ngo :”rabe neza birashoboka akaba yinjiye muri kino kinogo gira muteyo igiturika aturikane naco (apfireyo)

Wa musoda aho aryamye asubira gusenga avuga ati:”Mana ndazi kukora ibikomeye ndasabye undokore kuko ubwanje ntaco nakwishoboza”

Akiriko akomeza gusenga abona ibitande byinshi biza bizibira ikinogo n’ibitangurirwa bitembera hejuru y’ikinogo

Wa musoda abaza Imana ati:Mana byakunaniye kuzibira kino kinogo urungitse ibitande none ubona ibitande bimfasha iki? ata ibyizero avuga ati:ntakundi ariko Mana yumfasha nogushimye ubudasiba ndasabye Mana unkure mu maboko y’abansi banje

Umwansi umwe agira aturitse igiturika ,komanda mukuru akankamira umusoda wiwe avuga ati:ubwo wewe uri n’ubwenge?basubiranamwo aho ubona hazitiye ibitande ubona yari gucahe?ntituba twasanze atabihari iyaba ahari?

Umusoda yishura komanda ati:ushatse kuvuga iki?

Komanda ati:kino kijuju iyo kiba kiri hano kiba cahitanye bino bitande ntibiba bihari .wewe ubona yokwinjiye gute?dukomeze urugendo dushobora guhurira nawe imbere hano ntabwo ahari kuko iyaba ahari bino bitande biba byatibukanye nawe

Wa musoda aba akize uko maze avuga :”Mbabarira Mana kuba nagaye inzira zawe”Urakoze kurokora ubuzima bwanje .

Mukundwa uhejeje gusoma ino nkuru birashoboka ukaba uriko uca mubihe bitakoroheye ariko ntute ukwizera kuko inzira z’Imana zirenga igihumbi ,uzotabarwa hagarika kwidogera Imana ahubwo iga gushima muri byose uzobona ikiganza c’Imana.
ntiwibagure gukora follow kur Badman The Liar

19/11/2025

Waboi😅

19/11/2025

😭 😭

🤞

18/11/2025

😱woba_waruziko_umuririmvyi_

Address

Bujumbura
Bujumbura
+257

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Badman The Liar posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share