08/02/2025
AKAGOHE UVUNIWE KU BUZIMA BW'IYI SI💖
Harabaye umugabo yakunda gusenga cane,akama yumviriza inyigisho z'abahanuzi aho bavuga ko iyi si yuzuye ibisamaza vyinshi,bitwibagiza iyo twavuye n'iyo twimirije kuja!!🚶
Umusi umwe,uwu mugabo asaba IMANA ngo imufashe gutahura urwo ruhendo rw'iyi si tubayemwo,
Mw'ijoro ry'uwo musi aryamye,arota indoto idasanzwe,indoto yari imeze uku:
Yarose intare 🦁 nini imwirukako,barasiganwa🏃,sinzi ukuntu asimvye igisaka,aca agwa mu kinogo kinini,aho yosh*tse hasi ,umuzi w'igiti kinini uca muri ca kinogo uramutega,aba ariwo afata, arenena!!😥
Agize gutya,abona hasi muri ca kinogo uruyoka runini🐍 rwirabura,rwasamye cane rumurangamira!!
Ahindukiye hirya no hino,abona hari imbeba🐀 2,imwe yirabura iyindi yera,ziriko zirya wa muzi w'igiti yafasheko!!😱
Atangura guta wakuba,arondeza ahandi hantu yofata kugira urya muzi niwacika,abe yafashe ahandi ,ntakoroke,
Hamwe ariko arakabakaba araba aho afata,yumva ibintu bimeze nk'amazi akozemwo,
Yimotereje yumva bimota nk'ubuki,
Arigase gato yumva biraryoshe cane rwose!!
Arayora ararya,ariyongera kandi,yumva buguma buryoha,arahava yibagira ivyo kurondera aho handi afata,we yigumira yirira bwa buki,
Agize uku ,yumva wa muzi utanguye gukaka(uvuga nk'uwushaka gucika),
Acikoma ngo arabe hamwe yashaka gufata kare,wa muzi uba uracitse ,arakoroka ,agwa mu kanwa ka rwa ruyoka,
Ubwo nyene aca arikangura n'ubwoba bwinshi!!😨😳
Mu gatondo aca azindukira ku mumenyi w'ivyagezwe n'umusiguzi w'indoto z'amayobera,
Aramwiganira indoto yaraye arose,amubaza ico yoba isigura,
Uno mumenyi nawe amwishura ati:
"Burya wewe Imana yakweretse ikigereranyo c'iyi si tubayemwo,
1.Irya ntare 🦁 isigura urupfu:
Urupfu rwama rutwiruka inyuma ijoro n'umurango,aho tuja hose turikumwe narwo,rurindiriye ko Imana iruha itegeko rudukuremwo impwemu,
Natwe tukama turuhunga,haba mu kwiyubara ico cose codutwara ubuzima,zaba indwara,amasanganya eka n'ibindi twikeka ko vyozananamwo urupfu rwacu turavyiyubara cane,ariko isaha igeze ntawurusimba,
2.Kirya kinogo waguyemwo ni iyi si turimwo,
3.Urya muzi w'igiti wenenyeko mu kinogo, ni ubuzima bwa kiremwamuntu wese,nibwo butubeshejeho muri iyi si,
4.Zirya mbeba nazo wabonye,
Iyirabura ni ijoro ,iyera nayo ni umurango,
Zarya umuzi w'igiti ufasheko(ubuzima bwawe),
Burya umusi n'ijoro nivyo bigabanya ikiringo cacu twagenewe kubaho kuri iyi si,
Uwu musi imyaka ufise niba ari 10 canke 20 canke 30 canke iyirenga,ni iyimaze kuva kuyo wateguriwe kumara kuri iyi si,
Iyo myaka nayo uyish*tsa ari uko habaye ijoro n'umurango arivyo bigira umusi,imisi nayo ikagira umwaka,
5.Irya nzoka nini yirabura wabonye nayo ni imva ⚰️ ya buri umwe wese,yama irangaye,irindiriye ko uyijanwamwo hama yipfundikire burundu,
Ugihema yama yasamye(irangaye),ikurindiriye gushika aho uzoyiryamamwo,
6.Burya buki nabwo,ni uburyohe buri muri iyi si,
Iyi si ifise ibintu vyinshi biryoshe(akazi,umugore canke umugabo,abana,imiryango,amatungo n'ibindi bitunezera...) ,bituma twibagira ko urupfu turugendana,bukatwibagiza ko dufise ubuzima bugabanuka uko umusi wije(bwije) n'uko ijoro rikeye,
Bukatwibagiza ko n'imva zacu zuguruye ziturindiriye,
Kubera ugusoserwa cane n'uburyohe bw'isi,urupfu ruza gushikira umuntu giturumbuka,akisanga agiye kugwa muri ya mva ,ataco yateguye kizomurokora imbere y'UMUREMYI wiwe !!"🙆🏼🙇🏼🤦🏼♂
Ng'ubwo rero ubutumwa Uhoraho wawe yacishije mu ndoto,kugira agutahuze ugusamara kuri muri iyi si!!
IYI NI INKURU ISANZWE ARIKO IFISE VYINSHI YIGISHA UWUFISE UBWENGE,
TWESE DUSABE IMANA IZOKWAME ITWIBUTSA KO AHA KW'ISI TURI INGENZI GUSA,BUCA DUSUBIRA IYO TWAJE TUVA KUKO NTITWAHOZE NGAHA!!
MANA URAMA UTWIBUTSA,
URAVUGA UTI :" !!"
Uribuka gufyonda na ubu butumwa bushikire abandi!!