29/03/2025
Imiryango 800 isanzwe iri munkambi y'impunzi muri zone cibitoke komine rugombo niyo yaronkejwe ibifungurwa, ico gikorwa kikaba cakozwe n'ishirahamwe Jeunesse pour Christ iryo shirahamwe rikaba risanzwe rikorera muntara zitandukanye, harimwo intara ya cibitoke.
Ivyo bikorwa vyatewe iteka n'uwuserukira ishirahamwe jeunesse pour christ imbere yamategeko muburundi,
Uwurongoye zone cibitoke, abakozi b'Imana batandukanye hamwe n'abasanzwe bari muburongozi bw'iryo shirahamwe jeunesse pour christ hamwe n'abanyeshure b**a kw'ishure Hope future school risanzwe rikukira ico kigo ca jeunesse pour christ.
Ivyo bikorwa vyatangujwe n'indirimbo zo gutazira Imana, aho haboneka akanyamuneza impunzi zari zifise.
Nyuma yo gutazira hakurikiye ijambo ry'imana aho umukozi w'imana bichop Romuald Ndayishimiye yigishije kumajambo ari mugitabo ca yohana 14:1 amajambo avugango ; ntimuhagarike imitima mwizere Imana nanje munyizere. yabandanije abaremesha avugako n'ubwo bari mubihe bitoroshe yesu arabakunda.
Nyuma y'ubutumwa bw'ihumure haciye hakurikira igikorwa co gutanga ibifungurwa.