25/07/2026
Kur’uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 25/7/2026
rusangi vyariko bikorerwa mugacimbiri ka ca 3 ahitiriwe aho bariko bakurikiranira hafi amatuta y'amavoka aho vyateguriwe, kwongereza imivyaro irenga gato amajana indwi (700) no kwubaka urugo aho biri.
Mugushimira abitavye ibikorwa rusangi, bamenyeshejwe bose ko basabwa kwubahiriza ibijanye n’isuku n’isukura kuko uwutazovyubahiriza azohanwa hisunzwe amategeko,
Kwubahiriza inyubako rusangi, guhagararira amahoro n'umutekano muri yanyabune, kwijukira ibikorwa bijanye n'iterambere rusangi, kwirinda kwonesha indimo z'abandi mugihe hasohotse itegeko ryo kutaragira ibitungwa ahubwo bifungurire mumpongore, bikaba vyashikirijwe n' w'Umukuru w'Umutumba Mutambara muvyo ajejwe harimwo n'ibindi,
Kubana neza mukibano, kwama twihutira kwa muganga mugihe dukitswe n'amagara, turandurane n'imizi mukwirinda kuja muri barumenyi mugihe dukitswe n'amagara kwama dukarana n'amazi meza n'isabune, gufata akanya ko kwitahura mukwirinda indwara zituruka kwihahamuka, kwama twegera abaganga bavyigiye mugihe dufise ibibazo vyihahamuka, bikaba vyashikirijwe n' w'Umukuru w'umutumba muvyo ajejwe harimwo amagara y'abantu
Ivyo bikorwa vyose bikaba vyari vyatewe iteka n'umuhanuzi w'Umukuru wa Zone Gatete muvyo ajejwe harimwo ivy'imibano, ubutunzi n'iterambere muri zone Gatete, ajejwe inyubako kukigo gihingura ubutare, ndetse n'abaserukiye Umugambwe CNDD-FDD muri Zone Nziza ya Gatete no k'Umutumba mwiza wa Mutambara.