21/05/2026
,
Kuri uyu wa Gatatu, igenekerezo rya 20 RUSAMA 2026 ,
IBIRO vy’Umukuru w’umutumba bafadikanije n’ibiro vy’umgambwe uri knubutegetsi CNDD-FDD bateguye ibikorwa vyo gutegura ahantu ho kurwiriza ibiti vy’amavoka ya ruhere, neza na neza mukugwati c’abatesheje izabo n’umwuzurira wa Tanganyika mukigwati ca 3 (MUJI MWEMA III), aho bifashishije ibibuto vy’amavoka mugushira mu ngiro itegeko ry’Ubushikiranganji bw’Uburimyi n’Ubworozi aho bariko bakora ama pépinière bakaba batanguriye kumivyaro irenga 1500, kandi bakaba bemeza neza na neza ko bazobandanya bategura ama pépinière kugirango umwenegihugu wese azobe afise m’urugo iwe n’imiburiburi ibiti 10 m’urugo iwe,
Abenegihugu bakaba bavyitabiriye k’ugero rushimishije
Umukuru w’umutumba MASABO Révérien yashimiye cane Indongozi zitandukanye n’abenegihugu bama bitwararika ibikorwa vy’iterambere
Akaba yibukije abenegihugu ko banasabwa kwimba Nyabarega mungo zabo kuko uwutazobikora azohanwa hisunzwe amategeko,
Kubandanya bakora ibikorwa vy’isuku n’isukura mungo no kumaparasera ashika kumabarabara,
Yahamagariye abadandaza bose boba bakidandaza inzoga zitemewe n’amategeko (Kick, sapor n’izindi ...) kubihagarika batarafatwa kuko bohanwa,
Akaba yasozereye abwira abenegihugu ko bokwirinda amacakuburi kugirango mumbonakazoza y’igihugu ya 2040 na 2060 ari mumacakubiri yibukije ko bokwirinda ababahenda babajana muvya politike narirya twimirije amatora y’Umukuru w’Igihugu yo kuwa 03/5/2027,
Yabandanije abwira indongozi zose ko zisabwa kuja imbere yabo zirongoye kugirango bakore ibikorwa vy’iterambere rusangi kandi banakore bitangira abo barongoye kandi abenegihugu bazodomeko urutoke uwo babona atariko abafasha muvyo bakeneye.
Ivyo bikorwa vyari vyetewe iteka n’abafundi b’indimo Benjamin HAKIZIMANA, Magenge Etienne, Evelyne Monitrice hamwe n’uwujejwe umutekano w’abenegihugu.