11/05/2026
SOMA INO NKURU WITONZE
Umukobwa umwe yagiye kwa pastor ariko ararira maze pastor amubajije ikimuriza avuga ati:mwigisha jewe mfite ikibazo ndakwinginze umfashe unsengere
Pastor ati:none ufise ikibazo nyabaki?
Umukobwa n'amosozi menshi abwira pastor ati:jewe mfite imyaka 29 y'amavuko maze kuyaga n'imisore 5 muga iyo yose hageze aho dutegura marriage ica ihura n'ingorane
Uwa 1 twarayaze hageze kuja gutanga inkwano muhira ibutike yiwe yaciye isha
Uwa 2 tuza twahejeje byose hasigaye marriage yagize isanganya arapfa
Uwa 3 twarayaze hageze ko ataha avuye mu bihugu byo hanze indege yarimwo irakoroka nawe nyene arapfa
Mwigisha mfite imikoshi myinshi ndasabye unsengere
Pastor atangura gusenga ,arasenga maze yerekwa ko umukobwa arimwo umuzimu kandi ari nawo utuma ibyo byose biba maze abwira umukobwa atahe muga amubwira icyo uza kubona mw'ijoro ntiwiruke ahubwo usenge
Umukobwa aryamye yumva umuyaga mwinshi hanze umwango n'amadirisha atangura kunyiganga maze atangura gusenga arasenga haheze umwanya wa muyaga urahera muga atangazwa n ukubona impeta mu cumba ciwe arayitora aca ayishira pastor
Pastor arayakira yongera kwerekwa ko umukobwa abarozi bari bamurongoje n'umuzimu kandi uwo muzimu ntiwashaka ko umukobwa arongogwa kubera wari muriwe nk'umugabo kandi ari nawo wama wica imisore yose igenda kumuresha
Pastor abibwira umukobwa nawe atangura kurira cane pastor amubwira ati:nturire Imana iraguciriye inzira
Umukobwa aca afukama imbere ya pastor ati:urakoze cane nawe ati ntushimire jewe shimira Imana kuko naje ntacyo maze imbere yayo
Umukobwa areba hejuru avuga ati:Mana ndagushimiye wewe ucagaguye imigozi y'umwansi yari muri jewe izina ryawe rininahazwe amosozi atemba ari menshi kumatama yiwe maze yumva ijwi muri we ati: Mwananjye aho utabona inzira ugiye kuhabona inzira.
hashize ukwezi kumwe aronka undi musore barayaga maze bigenda neza babyarana n'abana ubu urugo rurimwo umunezero kubera Uhoraho Imana yacagaguye imigozi yari muri we
••••••••••••••••••••
Wewe usomye ino nkuru hari byinshi bitariko bigenda neza kandi nawe ntuzi ikibituma ariko niba wizera Imana ko igiye kugaragaza abansi bawe biciye mu masengesho ,abagenzi babi,incuti mbi n'abandi vuga Amen uheze usangize abandi ino nkuru imizimu ,uburozi,amangetengete yose biriko bituma utabandanya bitsindwe mw'izina ry'Umwami Yesu maze ubushobozi bw'Imana bwigaragaze.
Sangiza abandi iyi nkuru mu ma groupe urimwo kuri Facebook. Fyonda kuri suivre canke follow ntuvyirengagize