26/06/2026
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwaronse ingabire ya rusehabaniha zitandatu
Kuri uwu wa 25 Ruheshi 2026 i , ubushikirangaji bw'amagara y'abantu bwaronse ingabire ya rusehabaniha 6 zikaba zatanzwe n'amashirahamwe ya Care na Cordaid afashwe mu mugongo n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya mu ntumbero yo gufasha abavyeyi bibungenze bava ku mavuriro baja mu bitaro, abana bafise ingorane zo gufungura nabi, abafise ingorane zo gufashwa n'ingoga, n'ibindi.
Umushikirangaji w'amagara y'abantu Dr Fidèle Nkezabahizi yamenyesheje ko iryo ngabire ari ikimenyetso ciza cerekana gufashanya kwamye kuranga ayo mashirahamwe hamwe n'ubushikirangaji bw'amagara y'abantu ndetse n'imigenderanire myiza iri hagati y'Uburundi n'ibihugu vyunze ubumwe vya Buraya. Yongeye aramenyesha ko basanzwe babafasha mu mugambi wo kuvuza abavyeyi bibungenze n'abana batarakwiza imyaka itanu, ukubaka amavuriro, mu gisata kijejwe kwegeranya amaraso n'ibindi,..
Nkezabahizi yamenyesheje ko muri izo ngabire za rusehabaniha baronse, rusehabaniha 4 zagenewe intara ya Buhumuza izindi 2 intara ya Butanyerera.
Yarangije atera akamo abazokoresha izo rusehabaniha ko bozifata neza mu kuzikoresha ivyo zagenewe.
Umuserukizi w'ishirahamwe ry'ibihugu vya buraya mu burundi Elisabetta Pietrobon, aramenyesha ko iryo shikirizwa ry’izo rusehabaniha riri mu mugambi witwa “Résilience II” ufashwe mu mugongo n'ishirahamwe ry'ibihugu vya buraya ku rugero rw'imiliyoni 29 z’ama euro, ni ukuvuga hafi imiliyaridi 19 z’amafaranga y’amarundi.
Yarangije yemeza ko ishirahamwe ry'ibihugu vya buraya rizobandanya gushigikira Uburundi mu rugendo rwo guteza imbere amagara y’abantu no kunagura uburyo bwo kuronka ubuvuzi, gushigikira amagara ajanye n’irondoka, kurwanya ikibazo kijanye no gufungura nabi, guteza imbere amagara yo mu mutwe,....
RTNB NEWS.