EJO HEZA

EJO HEZA Partage des idées

05/02/2026
24/01/2026

ahanihe ???

iyi nyubako kuri 220 millions je mbona ari sawa
08/01/2026

iyi nyubako kuri 220 millions je mbona ari sawa

13/06/2025

Partage des idées

13/06/2025

Mwiriwe bantu banje
Harumwihwezo ndiko ndakora kubijanye namatora .
Nzobabwira ivyiza vyumugambwe wisangije intebe zose munamashingateka,
Hama ndebereke Nico igihugu nabenegihugu bahomba muricogihe batwagwa numugambwe umwe.week nziza kuri twese.

Partage des idées

04/02/2025

🔴 Umwaka wa 2025 ntuzoroha mu bijanye n'ubutunzi !

Ikigega c'isi yose FMI caraye gihagaritse Amasezerano y'ingurane y'imiliyoni 200 z'amadolari cohaye Uburundi mu kiringo c'amezi 40. Muri 2023, iyi ngingo yo gutanga iyi ngurane yari yanezereye cane abategetsi b'Uburundi, yari intsinzi ikomeye yokwugururiye Uburundi amafaranga menshi y'abandi bafasha igihugu. FMI ifashe iyi ngingo kubera hari ivyo abategetsi b'Uburundi banse gushira mu ngiro, nko kugabanya agaciro k'ifaranga ry'Uburundi bakarijanisha nuko rivunjwa kuri "marché noir". Muri kigarama iheze, Prezida Ndayishimiye yarateye akagere FMI, avuga ko yironkeye ahandi azokura amahera.

Iyi ngingo ya FMI ituma n'ibanki y'isi yose (Banque Mondiale) ica ihagarika amafaranga yategura guha Leta y'Uburundi (appui budgétaire) ngo ayifashe mu migambi.

Iyi ngingo ya FMI ishobora kugira ingaruka zikomeye no ku biganiro Leta igiranira n'abandi bashobora kuyifasha, na canecane ibihugu vya Bulaya. Imbere ya 2015, Ubumwe bwa Bulaya nibwo bwari imbere mu gufasha Leta y'Uburundi mu mafaranga ikoresha ku mwaka.

🔴 Icizere c'amafaranga yovuye mu butare bwa RDC naco nyene caheze.

Mu ntambara Uburundi burimwo muri RDC, Prezida Ndayishimiye yari yakoze "idili" rikomeye cane na Prezida Tshisekedi. Prezida wa RDC yari yemereye Evariste Ndayishimiye ko ashoboye kwigizayo M23 agashikira aho bita Rubaya, ariwe azoca yimba ubutare (na canecane bwa Coltan) akabushora hanze, agaheza akaba ariwe ahemba abasirikare biwe, akongera akayakoresha mu guteza imbere Uburundi. Ubwo butare busanzwe buronderwa n'isi yose.

Icizere co gufata Rubaya caraheze, kuva M23 yirukanye abasoda b'Uburundi muri Ngungu, ikabaka ibirindiro vyose bari bafise muri Nord-Kivu, mu nyuma igafata n'igisagara ca Goma. Abasirikare b'Uburundi bari muri RDC batwandikiye ko bafise ubwoba ko Prezida Tshisekedi ashobora no guhagarika gutanga amafaranga yo kubahemba kubera ivyo bari bamwemereye vyose vyabananiye. Ndayishimiye yari yemeye ko abasoda b'Uburundi bazosunika M23 gushika ku rubibe rw'Urwanda, bikenewe bakanabandanya gufasha FDLR kwinjira gutera u Rwanda. Muri nzero 2024, i Kinshasa muri RDC, Prezida Ndayishimiye yari yatangaje icese ko azofasha urwaruka rwo mu Rwanda gutembagaza Prezida Kagame. None vyarangiye ku wagatanu uheze, Prezida Ndayishimiye ariwe atabaza amakungu ko u Rwanda rwimirije kumutera !

🔴 Amafaranga yahora ava muri Somalia nayo arahagaze...

Kuva mu kwezi kwa gatatu 2025, ingabo z'Uburundi zahora muri Somalia nazo zizoba zitashe zose. Aho muri Somalia Uburundi bwari buhamaze imyaka 17. Muri iyo myaka yose, amafaranga akoswe ibirwanisho, amafaranga akatwa abasoda n'ayandi menshi Uburundi bukurayo, ntiyigeze yinjizwa mu mafaranga Leta ikoresha. Ntiyigeze anakoreshwa mu kugura ibikoresho bigezweho vya gisirikare. Aya mafaranga yagumye aribwa n'akarwi gato k'abategetsi.

Mu bitumye Uburundi bwirukanwa muri Somalia, harimwo kuba budafise ibikoresho vya gisirikare bikwiye, vyobutuma bushobora gucunga neza akarere bwobaye bujejwe. Ayo rero ni ayandi madolari menshi Uburundi buhomvye bwahora bwinjiza buri mwaka.

🔴 Albert Shingiro avuga ko amafaranga yahora ava muri Amerika nayo agiye kugabanuka cane

Umushikiranganji Albert Shingiro yavuze ko aherutse kuganira n'uwuserukira Leta zunze Ubumwe z'Amerika mu Burundi. Muvyo baganiriye, harimwo ko Amerika igiye kugabanya amafaranga itanga mu bihugu vy'Afrika. Shingiro yishuye ko Uburundi ata makori butanga muri Amerika yotuma buguma bufashwa.

Aya ni amakuru menshi mabi mu vy'ubutunzi mu gihe amafaranga mvamakungu yari asanzwe akenye cane mu Burundi. Igihugu ntikigishoboye kugura igitoro gikwiye, imiti n'ibindi vyinshi vya nkenerwa. Ibintu bishobora kuyangara rwose uyu mwaka wa 2025, mu gihe Leta y'Uburundi isanzwe itemera guhanurwa. Inyishu Evariste Ndayishimiye na Reveriyano Ndikuriyo bari bamaze imisi batanga ni ugucukura ubutare bwa Murehe mu Kirundo no gutera amavoka menshi azimbuka mu myaka itanu. Umwe mu bategetsi bakomeye cane muri Leta y'Uburundi (ntidushimye kuvuga izina ryiwe) we avuga ko ivyo vyose ari amajambo yo gusinziriza Abarundi. Uyo mutegetsi wo hejuru avuga ata cizere na gitoya abona muri politike ya Prezida Ndayishimiye.

🔴 Hagati aho, Prezida Ndayishimiye n'umukenyezi wiwe baraye bafashe urugendo rubashikana muri Leta zunze ubumwe z'Amerika, aho bavuga ko bagiye mu masengesho y'imisi ibiri. Utudolari na dukeyi turi mu kigega c'Uburundi, babandanya kutununuza mu ngendo zitumvikana.

29/01/2025

Ejo ku wa kabiri, Perezida Samia Suluhu wa Tanzania yarakoranije inama yihuta y'urwego rwa SADC rujejwe poritike, kwivuna abansi n'umutekano, mu gisagara ca Dar es Salaam.

Itangazo ryasohowe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Tanzania ntirivuga ivyaganiriweko muri iyi nama y'uru rwego rw'iri shirahamwe rijejwe iterambere rihurikiyemwo ibihugu vy'ubumanuko ku bijanye n'ikibazo c'amahoro n'umutekano w'ako karere.

Perezida Samia yabonanye na Perezida Hakainde Hichilema wa Zambia hamwe na Perezida Lazarus Chakwera wa Malawi bitavye iyi nama bo nyene ubwabo, mu gihe Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo na Perezida Felix Tshisekedi wa RD Congo bayitavye bifashishije ubuhinga bwa none.

Iryo tangazo ryasohowe inyuma y'inama y'uru rwego rwa SADC ryavugishije benshi ku mbuga hwaniro, aho abatari bake basaba ko iri shirahamwe ryotorera vuba na bwango umuti w'indyane zibandanya muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

KWAMAMAZA

Umuhari M23 ushigikiwe n'Urwanda uherutse gutangaza ko wigaruriye Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, mu buseruko bw'iki gihugu, inyuma y'igitero cagiye ku muvuduko munini, aho uno muhari watsinze igisirikare ca Congo gifashwe mu mugongo n'ingabo za SADC hamwe n'iza MONUSCO.

Ku wa 25 Nzero (1), ibiro vy'umunyamabanga mukuru wa SADC vyasohoye itangazo vyiyamiriza ibitero vya M23 muri aka karere k'ubuseruko bwa Congo, binavuga kandi ko ibi bitero bihonyanga ubwigenge, ubusugire, amahoro n'umutekano vya Congo hamwe n'akarere kose ka SADC.

Bitegekanijwe ko kuri uno wa gatatu i Nairobi ku mugwa mukuru wa Kenya abakuru b'ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko bakorana kugira ngo bige ikibazo c'umutekano mu buseruko bwa Congo, ariko ntibizwi nimba Perezida Felix Tshisekedi na mugenziwe w'Urwanda Paul Kagame baza kuyitaba, nubwo hari amakuru avuga ko bashobora kutayitaba.

Mu kurondera gufata Goma, M23 yishe ingabo 13 mvamakungu zagiye kubungabunga amahoro
ONU iragabisha ko intambara ya M23 ishobora kuvamwo iy'akarere

Ingabo za SADC zarungitswe muri Congo mu ntango z'umwaka uheze wa 2024 zisubiriye izari zarungitswe n'ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko zari zashizweho n'iri shirahamwe mu 2022 mu ntumbero yo gufasha kugarukana umutekano muri ako karere k'ubuseruko bwa Congo. Ariko reta ya Tshisekedi yahavuye asaba ko zitahukanwa kuko yabona ko ataco zariko ziramufasha mu kwikurako M23.

Irungikwa ry'izi ngabo za SADC, zizwi nka SAMIDRC, ntiryabujije ko M23 ibandanya yiyagurira akarere, mu kugenda ifata ibice bitari bike vy' intara ya Kivu ya Ruguru, ubu ikaba yaraye yigaruriye Goma.

Hagati aho, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU António Guterres yaraye agenye umukuru mushasha wa MONUSCO, ubutumwa bw'ingabo za ONU zarungitswe kubungabunga amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Liyetena Jenerali Ulisses De Mesquita Gomes, umunya-Brezili agenywe ngo asubirire umunya-Senegal, Liyetena Jenerali Khar Diouf yari arongoye ubu butumwa vy'imfatakibanza, kuva muri Gitugutu (10) 2023.

Liyetena Jenerali Gomes ni inararibonye mu bijanye no gutorera umuti ingorane, gutatura amatati no kubungabunga amahoro, ibikorwa amazemwo imyaka 35.

Hampande y'amabanga atandukanye yaranguye mu vya gisirikare mu gihugu ciwe ca Brezili, yararanguye kandi n'ayandi ku rwego mpuzamakungu, harimwo n'irungikwa ryiwe mu butumwa bwa ONU muri Haiti (MINUSTAH) mu 2008-2009, hamwe no kurongora umurwi ujejwe ibikorwa n'imigambi vya gisirikare, mu biro vy'umukuru w'igisata ca gisirikare mw'ishirahamwe ONU kuva mu 2017 gushika mu 2019.

29/10/2024

Address

Nairobi

Telephone

+254746040405

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when EJO HEZA posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to EJO HEZA:

Share

Category